UBM News ads

Impunzi zo mw’ikambi y’I nyarugusu zirasaba ONU kizikingira

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amasasu atari make yarumvikanye kur’uyu wa gatandatu mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya aho impunzi z’abarundi zahungiye. Nkuko bivugwa nizo mpunzi ayo masasu yumvikanye igihe c’isaha umunani z’ijoro..

Ayo masasu akaba yumvikanye aho uwitwa Bahati adandaza ama unité aba ku ncuro zine. Abapolisi ba Tanzaniya bakaba baciye bahashika baca bahagarika uwo babonye mu nzira. Uwundi muntu akaba yarafashwe kur’uyu w’Imana afise ishakoshe irimwo za grenades zo gutera mw’isengero ya catholika muri zone 9. Izo mpunzi zikavuga kandi ko hari n’inama yakoreshejwe kuri centre jeune y’abacongoman bavuga ngu dukore icatuzanye.

Izo mpunzi z’i Nyarugusu zigasaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuzikingira zikavuga ko zitacizeye abajejwe umutekano muri Tanzaniya n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments