Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, aragirizwa kuba sindabibazwa ku bibazo bibera mw’isi, na cane cane ubu naho ariko yagirizwa ko ataco ariko akora ku kibazo c’Uburundi cadutse mu mwaka wa 2015.
Mu nkuru yanditswe na Washington Post, ico kinyamakuru co muri Amerika carifatiye mu gahanga umunyabanga mukuru wa ONU kubera atitaho amabi akorwa mw’isi uhereye muri za Syria, Myanamar n’ahandi.

Ico kinyamakuru caciye kivuga ko ‘Antonio Guterres akunze ‘kwicecekera’ aho yovugiye abariko bahahazwa mw’isi’.
Kukibazo c’Uburundi nahonyene Guterres ntiyera. Uti gute? Ikinyamakuru kimwe cagiriza Guterres kwunyura ibintu kubera ONU atwara iha Uburundi kumwaka ku mwaka amafaranga arenga imiliyoni 13 z’amadolari y’Abanyamerika( hafi imiliaridi 30 mu mafaranga y’amarundi) mu bikorwa vyo kubungabanunaga amahoro mu bindi bihugu.
Ayo mafaranga hafi imiliyaridi 30 y’amarundi ava muri ONU akaba ari hafi ica kane c’amahera ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburundi bukoresha, niko ico kinyamakuru kivuga.
Isoko ry’iyi nkuru riribaza impamvu ayo mafaranga atangwa na Guterres Antonio ku Burundi buja kubungabunga amahoro mu bindi bihugu kandi mu Burundi ata ‘mutekano ukwiye uhari’.
Ariko naho biri uko, harakwiye kwibukwa ko nk’akarorero igihugu ca Somalia kimeyesha ko Uburundi bwitanga cane mu kubungabunaga amahoro muri ico gihugu biciye ku ngabo z’Uburundi zidatinya urukamvye, ariko rero ngo nta vyera de, nk’uko bamwe bavuga.





Recent Comments