Mu nama y’umugambwe FRODEBU yabereye mu ntara ya Muramvya, harakiriwe abanywayi bashasha bo mu migambwe ya RANAC na FRODEBU Nyakuri. Ivyo birori bibaka vyari birongowe n’icegera c’uwurongoye umugambwe FRODEBU, Léonce Ngendakumana, aho avuga ko ico gikorwa kiri mu ntumbero yo gukomeza demokarasi ariryo ragi rya Président Melchior Ndadaye.

Leonce Ngendakumana akavuga ko atayindi nzira ihari mu Burundi ari kureka abanyagihugu bagashikiriza ivyiyumviro vyabo uwo bashimye bakamuha amabanga uwo baneguye nawe agahindurwa. Leonce Ngendakumana ati aho niho abarundi bazobana mu gihugu atankomanzi no mu mahoro.
Haciye hatorwa inzego zishasha zirongora umugambwe FRODEBU mu ntara ya Muramvya, uwitwa Manirakiza Daniel yahora arongoye umugambwe RANAC akaba yaciye atorwa kurongora umugambwe FRODEBU mu ntara ya Muramvya icegera ciwe akaba ari Gerard Ndayisenga yahora mu mugambwe Sahwanya FRODEBU
Ariko Keffa Nibizi, arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri arahakana uko kwiyunga kw’umugambwe FRODEBU Nyakuri na FRODEBU. Nkuko yabivugiye kw’iradiyo nkuru y’igihugu, Keffa Nibizi akavuga ko ukwo ari gusamaza abanywanyi babo ngo kuko ukwiyunga ntikwohera i Muramvya kwohera ku nzego zumugambwe.
No mu mugambwe RANAC barahakana ko hariri ukwiyunga n’umugambwe FRODEBU. Umuvugizi w’uyo mugambwe, Nikiza Georges, akavuga ko bashira imbere kwiyunga mugabo muri kino gihe atakuhari. Nikiza Georges ahamagarira abanywanyi b’umugambwe RANAC kubandanya bitegurira amatora yo mu 2020.





Recent Comments