Haraheze imyaka itanu abadandariza mw’isoko ya Kinama bimuwe bakajanwa mw’isoko ry’imfatakibanza kugira iryahahora risanugwe nkuko ayandi masoko yariko arasanurwa. Amasoko menshi rero aramaze guhera gusanurwa abahora bayadandarizamwo bakaba barasubiye kuyakoreramwo kiretse amasoko ya Kinama na Kanyosha.

Imyidogo ni myinshi kubadandaza bo mw’isoko ya Kinama, bakavuga ko iryo soko barimwo atasuku narike ririmwo kuko huzuye ivyondo iyo imvura iguye abakiriya baca banka kuryinjiramwo. Abo badandaza baravuga kandi ko utuzu twa sugumwe tudakwiye muriryo soko bigatuma bashobora kuhandurira ingwara. Abo badandaza bakavuga ko batozwa amatagisi buri musi kandi ko n’intererano yo kubaka isoko nshasha benshi bamaze kuyitanga.
Ugeze kuriryo soko ryakera biboneka ko ibikorwa vyahagaze ikaba icunzwe n’abasiti. Mwomenya ko komiseri wiryo soko rya kera yahagaritswe yagirizwa kunyuruza amatungu y’iryo soko.





Recent Comments