UBM News ads

Umukuru w’igihugu yarahaye agashimwe umukobwa wiwe ku musi wahariwe abakozi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’Ubrundi, Pierre Nkurunziza, yahaye agashimwe umukobwa wiwe ku musi wahariwe abakozi wahimbajwe itariki 1 Rusama 2019 kandi kuĀ  mwaka ku mwaka.

Radio Nkuru y’igihugu, RTNB, ikaba ariyo yashize ahabona iyo nkuru ko ‘umukuru w’igihugu yahaye agashimwe k’amahera umukobwa wiwe w’imyaka 12, Naomie Nkurunziza.

Ubushimwwe bwatanzwe ku bakozi muri leta bukaba bwaje gishimira abakozi bakoze neza bitangira igihugu c’Uburundi. Nkurunziza akaba yari mu ntara ya Rumonge ku wa 1 Rusma 2019.

Nkurunziza yamenyesheje ati: “Naomie Nkurunziza ni arakora cane kandi arakunda akaranga k’Uburundi na Sport“.

Vyama vyashitse aho umukuru w’igihugu c’Uburundi aha ubushimwe abo mu muryango wiwe, nk’umutambukanyi wiwe, Denise Nkurunziza, umuhungu wiwe hamwe n’umukozi wo mu rugo ku mukuru w’igihugu.

https://twitter.com/pnininahazwe/status/1123930076817645568

Ariko bamwe mu batavuga rumwe na leta ntibabona kumwe ico gikorwa ca Nkurunziza co guha ubushimwe abo mu muryango wiwe.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments