UBM News ads

Abanyeshure barabandanya gufungwa bagirizwa kwonona ifoto y’Umukuru w’igihugu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanyeshure babiri biga kw’ishure shingiro rya Rutovu riri muri komine ya Makebuko barafashwe barafungwa kuruyu wa kabiri munyuma y’amatohoza yakozwe n’ubuyobozi bw’iryo shure. Abanyeshure bo mu mwaka w’indwi barahamagawe uko ari 22 babwigwa ngo bandike abo bazi bononye ifoto y’umukuru w’igihugu iri kubitabo bigiriramwo. Niko rero guca hafatwa aba banyeshure babiri.

Uwuserukira ishirahamwe SOJEPAE, riharanira agateka k’abana, David Ninganza, asaba ko hobanza kuba amatohoza akwiye. David Ninganza akibaza igituma ivyo bintu cokimwe no kwicwa kw’abagirizwa uburozi biza amatora yegereje. David Ninganza arasaba abayobozi b’amashure kutagwa m’uruyo mutego.

Mwomenya ko mu ntara ya Kirundo abana batatu barekuwe vy’agateganyo na parake ikukira sentare isubiramwo imanza yo mu ntara ya Ngozi. Ariko bageze gusubira mw’ishure baciye birukanwa bababwira ko bazomara umwaka muhira atanahamwe basubiriye kuronka ishure. Ico ngo akaba ari igihano kigenga abanyeshure n’ishure iyo wononye ibitabo vy’ishure.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments