Uwiyita umu pasitori ‘prophete modeste’ arongoye ishengero ” Faith Practice Miracles Ministries” rikorera mu gisagara ca Bujumbura arbarizwa mu gasho kuva ku wa 2 Ndamukiza 2019.
Uyo kayihura Modeste akaba yagirizwa gukora ivyo gusaba amafaranga biciye ku gutera ubwoba, ivyo bita chantage mu gifaransa canke blackmail mu congereza, maze akaba yabikoze mu kwaka ‘ikigiracumi’ ku bakinyi b’Uburundi bakinye mu rukino rwabahuje na Gabon ku wa 23 Ntwarante 2019.

Uwo avuga ko avugishwa akaba yabivugiye kuri Radio BUJA FM yo mu gisagara ca Bujumbura maze amajwi yiwe arakwiragira hirya no hino biciye ku mbuga ngurukana bumenyi.
Uwo avuga ko avugishwa n’Imana ntiyagarukirije ngaho gusa, ariko kandi yanamenyesheje ko naho batsinze Gabon, bagashika muri Egypte mu nkino z’igikombe ca Afrika(CAN) ataco bazohanoba, kandi ko n’abakinye urukino rw’Uburundi na Gabon ata n’umwe azoja muri Egypte.
Uwo ‘muvugishwa n’imana’ yagize ati : “ Ico ndabasaba, cane cane abakinyi, batampaye [amafaranga] nta Equipe n’imwe bazotsinda muri CAN, intamba mu rugamba zitibutse ngo zisubire kw’isoko, ndashaka baze, harya kw’isoko nyene aho vyavuye. Barabahaye, ubwo bategerezwa kuza kuraba umukozi w’Imana akongereza amavuta. Umuhanuzi ahanura ahaze. Mugabo mu gihe bitaragenda gutyo, ukazobona babirenzeko, hazoca haza abandi bakinyi bashasha apana barya bakinye. Nta rukino na rumwe bazotsinda. Niwabona basi batsinze igitsindo na kimwe, canke bakanganya ubusa ku bundi, uzoce uza uvuge uti nabonye ko utari umuhanuzi. »
Uwo avuga ko ari pasitori akaba yaheruka kuva mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura aho yagirizwa ivyaha bijanye no kwiba ukoreshejej urwenge, bita Escroquerie mu gifaransa.
Akaba afungiwe mu gasho k’igipolisi i Bujumbura kuva kuri uyu wa kabiri muri iyi ndwi.





Recent Comments