Imyidogo ni myinshi ku borozi b’inka muri komine Buhiga mu ntara ya Karusi. Abo nabo bakavuga ko amata baronka babura aho bayashorera kuko badashobora kuyanwa mumuryango ngo bayamare. Nahimana Jérémie, umworozi wo muri komine Buhiga, avuga ko inka ziwe zimuha amaritiro 12 kumusi, umuryango wiwe ugatwara amaritiro 4 ayandi akabura ingene abikwa gushika aho aseswa.

Abenegihugu bo muri komine Buhiga baragerageje gushinga koperative yishinze kubika ayo mata ariko ntabikoresho iraronka gushika ubu bimeze neza. Muri kino gihe hari umugwizatunga yitwa Pacifique Shirambere amenyesha kwagiye kurangura ayo mata ayegeranye muri koperative ariko arashinga mu nyuma ihinguriro Natura rikazoca rimurangurira ayo mata aho rikorera i Bujumbura.
Uwo mugwizatunga akavuga kwashobora kuzorangura amata agera kumaritiro 3000 kummusi, mu ntara ya Karusi naho haharugwa inka zigera ku bihumbi 28 zigatanga amata agera ku maritiro 5000 ku musi. Mwomenya kwiyo ngorane yibinekeje mu ntara ya Ngozi aho iritiro y’amata yakorotse iva kumafaranga 600 ija kumahera 400 kw’iritiro, aborozi nabo bakavuga ko bakorera guhomba kuko imiti n’ivyatsi vy’’inka bizimvye cane.





Recent Comments