UBM News ads

Rwasa Agathon yankiwe gukora inama mu gisagara ca Bujumbura.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y’aho Umushingamateka Rwasa Agathon asabiye ku wa 1 Ntwarante 2019 ko yokora inama idasanzwe ku wa 3 Ntwarante 2019 yo kwnjira ingoro y’umugambwe wiwe mushasha, Congres National pour la Liberation, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwase ico gisabo.

Mw’ikete Mairie ya Bujumbura yashize ahabona kuri uyu wa 2 Ntwarante 2019, yishuye imenyesha Rwasa Agathon ko ‘yankiwe gukora iyo nama idasanzwe yo kwinjira iyo nyubakwa y’umugambwe wiwe kubera impamvu z’umutekano’.

Iyo nyubakwa irimwo ibiriro bikuru vy’umugambwe wa Rwasa Agathon, CNL, ikaba iri muri Zone Rohero II, Boulevard de l’UPRONA,  No 91, muri Commune Mukaza mu gisagara hagati ca Bujumbura.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko Rwasa Agathon yoba ariko yegeranya abanywanyi benshi, mbere n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi bakaba bariko birukira umugambwe wa Rwasa Agathon.

None ubwo ko Rwasa Agathon atanguye kwankirwa kare ubwo azohava aroranirwa mu mwaka wa 2020?Nivyo kurorera…

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments