Abakozi ba Leta boba bagiye gusubizwa uturusho twabo ?

0

Haraheze imyaka itatu abakozi ba Leta bakuweko uturusho bahora baronka ku mishahara yabo uko umwaka uheze. Iyo ngingo ikaba yafashwe mu mwaka wi 2016, aho haba imigumuko ikomeye y’abakozi bamwe bamwe ba Leta bagwiriyemwo abarimu basaba ko imishahara yabo yoduzwa ikanganya n’abandi bakozi ba Leta.

Niho Leta yashinga umurwi ujejwe kwiga ico kibazo haca hafatwa ingingo ko uturusho kubakozi bafise imishahara minini minini tugiye guhagarikwa kugira amahera avuyemwo ashika imiriyaridi 20 z’amahera y’amarundi, aje kuduza imishahara y’abandi bakozi ba Leta bafise imishahara mito mito. Ivyo bikazokorwa imyaka ine kugira imishahara ishobore kungana.

Imyaka itatu rero irarangiye uwo mugambi uriko urarangurwa ariko imyidogo n’imyishi kubakozi ba Leta aho bakora bataduzwa imishahara narirya ubuzima buguma buzimba.

Umushikiranganji w’abakozi ba Leta, Felix Mpozeriniga, amenyesha ko hagiye gushingwa umurwi urimwo bose kugira basubire bige ico kibazo mugihe ikiringo c’imyaka ine cari catanzwe kigire kirangire. Aho ni mugihe ubwo bushikiranganji bwari bwatunganije indwi yahariwe imiryango yuguruye kurubwo bushikiranganji.