Ingabo z’igihugu c’Urwanda zatangaje ko inyuma y’igitero co ku musi wa gatandatu cakozwe ku modoka zitwara abantu mu gace ka Rusizi – Nyamagabe muri zone ya Kitabi zakurikiye abagikoze zikicamwo batatu ma bateye abasigaye bagahungira i Burundi.
Nk’uko ikinyamakuru co mu Rwanfda , Umuseke, kibivuga, ingabo z’Urwanda zivuga ko zagaruye abari baburiwe irengero inyuma y’iki gitero.

Mw’itangazo ryasohowe n’igisirikare c’u Rwanda, umuvugizi w’ingabo Lt Col Innocent Munyengango avuga bagaruye abanyagihugu abo bagizi ba nabi bari bagerageje kunyuruza.
Avuga kandi ko bagarukanye ivyari vyibwe vyambuwe abahohotewe mu rico gitero, ngo vyinshi mu bikoresho bari babituriye.
yamenyesheje ico kinyamakuru ati: “Mu banyagihugu bari bakomerekeye mu gitero co kuwa gatandatu bariko bavurwa babiri bishwe n’ibikomere.”
Igisoda c’Urwanda,RDF, kivuga ko ata bwoba bukwiye kubaho ku bakoresha inzira n’abagenda muri ako gace kakozweko igitero kuko hatekanye.
Igitero cagabwe kuwa gatandatu kumugoroba ku modoka zitatu zitwara abantu zaraturiwe, abantu babiri nibo RDF yatangaje ko baciye bahasiga ubuzima.
Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda si myiza na rirya himirije Inama ya EAC ku wa 27 Kigarama 2018, ahitezwe ko Paul Kagame w’Urwanda azokorera mu ngata Museveni wa Uganda mu kuba umuyobozi ahagarariye Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.





Recent Comments