UBM News ads

Petero NKURUNZIZA agejeje hehe igikorwa c’ugutegura uwuzomusubirira?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Jean Claude KARERWA, Umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA amenyesha ko ibikorwa vy’ugutegura uwuzosubirira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka w’2020 bigeze kure, kandi ko igihe nicagera abarundi bazomumenya. N’aho biri uko, Jean Claude KARERWA avugira umukuru w’igihugu asaba n’iyindi migambwe ko yotangura gutegura abazoyiserukira muri ayo matora, kugira ihiganwa rizohuze benshi batanzwe n’imigambwe.

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zose za Reta y’Uburundi cabereye mu ntara ya Ruyigi kuri uwu wa gatanu, Jean KARERWA yamenyesheje ko gutegura umusubirizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ari igikorwa c’umugambwe CND FDD, kandi ko catanguye.

“Umusubirizi yatanguye kumutegura kera, mu bikorwa no mu vyiyumviro. Ariko hageze gutora baravugana n’inzego zirongoye umugambwe, umwe agashikirizwa ikoranira, rikamwemeza. Hari n’izindi nzira bicamwo, kugira ashirwe ahabona. Igikorwa kigeze ku ntambwe ishimishije, abarundi borema, abarundi barindire.”, uko niko Jean Claude KARERWA avugira Petero NKURUNZIZA yabishikirije.

Ku makenga ya bamwe na bariya ko atakiri umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA azokwigira umushikiranganji wa mbere. Jean KARERWA siko abibona : “Ashobora gukora uburimyi n’ubworozi, ashobora kuja kumenyereza imirwi y’inkino kuko ni umumenyereza karuhariwe, ashobora kandi kuzogirwa umuhuza mu bihugu biri mu ntambara, abisabwe n’amakungu.”

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments