Ubushikiranganji bw’indero bumenyesha ko umwaka w’ishure w’2018 ushira uw’2019 uzotangura ku munsi wa mbere w’indwi iza, kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2018. Mw’ikete ubwo bushikiranganji bwasohoye, bamenyesheje n’ikirangaminsi c’umwaka w’ishure wose w’2018 ushira uw’2019.
Nk’uko biri muri iryo kete, igice ca mbere c’uwo mwaka w’ishure kizotangura kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 21 Kigarama 2018.
Igice ca kabiri kizotangura kw’igenekerezo rya 3 Nzero 2019 gushika kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2019, mu gihe igice ca gatatu kizotangura kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2019, gisozerwe kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro 2019.
Ubushikiranganji bw’indero butegekanya ko uburuhuko bukuru busozera umwaka w’ishure w’2018 ushira uw’2019 buzotangura kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2019.






Recent Comments