Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika caraye gifashe ingingo yo gushiraho ibindi bihano bimara umwaka umwe ku gihugu ca Koreya ya Ruguru inyuma y’aho habaye ibiganiro hagati ya Trumpna Kim Jong Un ku wa 12 Ruheshi 2018 vyasa n’ibigaragaje ko hagiye kuba amahoro hagati y’ivyo bihugu bidacana uwaka.
Inyuma yuwo mubonano wari witezwe cane, Donald Trump akaba yari yamenyesheje ko Koreya ya Ruguru ‘itakiri intambamyi na ntoya na gato kuri Amerika’, ko Abanyamerika ‘bokwitekanira’.

Ariko rero mu makuru yashizwe ahabona na White House, yatangaje benshi cane avuga ko Koreya yaruguru ‘iri akaga kadasanzwe kuri leta Zunze Ubumwe za Amerika kubera umugambi wayo kubandanya ibigwanisho ruhonyanganda‘, niko itangazo rya Donald Trump ryamenyesheje ejo ku wa 22 Ruheshi 2018 inyuma y’indwi zidashika na zibiri habaye umubonano hagati ya Trump na Kim.
Just landed – a long trip, but everybody can now feel much safer than the day I took office. There is no longer a Nuclear Threat from North Korea. Meeting with Kim Jong Un was an interesting and very positive experience. North Korea has great potential for the future!
— Donald J. Trump (@realDonaldTrump) June 13, 2018
Abihweza ibintu n’ibindi bakaba babona ko nyabuna uko kuntu Donald Trump ameze nk’uwivuguruza bishobora gusubira kwatsa inzankanao zari hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru.





Recent Comments