Mt number one , umwe mu baririmvyi b’abarundi baba muri America akunzwe cane ndetse amaze kubaka izina rikomeye m’umuziki ndundi, nyuma yaho asohoreye indirimbo yakunzwe nabatari bake izwi kwizina rya ” Melody yakoranye n’umuririmvyikazi Esther , ubu naho uno muririmvyi agiye gusohora iyindi video nshasha.

Hano yari yatumiwe kuri Radio Isanganiro
Mu kiganiro yakoranye n’umumenyeshamakuru wa UBM News, uno muririmvyi yavuze ko video yindirimbo ya ” Miss Independent ” igiye gusohoka mu minsi yavuba kandi akaba yizera ko izokundwa n’abenshi kuko ikoze neza cane.

Aha naho yari kuri Radio nkuru yigihugu c’Uburundi ” RTNB
UBM News tubibutse ko Mt Number one aheruka mu gihugu cu Burundi, akaba yarashoboye kuganiriza aba fans biwe aciye kumaradiyo atandukanye , aho twovuga ko yatumiwe kuri Radio Isanganiro hamwe no kuri Radio nkuru yigihugu ( RTNB ).





Recent Comments