Ku munsi wa gatatu w’iyi ndwi tugiye kurangiza niho umuririmvyi w’umurundi Ashley Diva yasinya amasezerano n’ishirahamwe ryo gutumatumako amakuru rya econet leo

Muri ayo masezerano Ashley yasinye na Econet leo abantu bakazoza baratora indirimbo ya Ashley ibabere sonnerie yabo hama Ashley akazoza arahabwa amafaranga azoba yinjije ku mezi 3 ariko akazoza araronka ibice 10% nkuko uyo muririmvyikazi yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru cacu ubmnews

Tworangiza tubamenyesha ko Ashley Diva yasinye ayo masezerano ku munsi wa gatatu hari igihe c’isaha zine z’agatondo





Recent Comments