UBM News ads

Mu bitero vyaraye bibaye i Bujumbura, hamenyekanye bamwe mu ngabo zigihugu zahasize ubuzima

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuri uyu wa 11/12/2015 , amakuru adushikira aremeza ingabo z’igihugu isinzi zagandaguwe mu bitero vyaraye bikongera bikirirwa mu gisagara ca Bujumbura no mu bice bitandukanye vy’igihugu c’u Burundi .

abaso

Kubw’umuvugizi w’abasirikare ” Col Gaspard Baratuza ; igisirikare kikaba kitatakaje n’umwe ! Aha Baratuza akaba yagwije n’ubusa ingabo zishika zine tumaze kumenya ko zaguye muri ivyo bitero aho abasoda bazwi ku mazina ya Gronde ( yari asanzwe yiga igisata ca PSYCHOLOGIE mu mwaka wa 3 ) na Innocent ( yari asanzwe yiga ubuganga mu mwaka wa 3 ) ziri mu bagandaguriwe mw’ishure rya gisirikare ISCAM ( arizo z’izo mubona zitangura kuri iyo sanamu munsi ) ; mu gihe izindi ngabo z’igihugu zishika 2 zimaze kumenyekana ko zaguye mw’ikambi ya Ngagara ( umwe mu baguye mu Ngagara , isanamu munsi yambaye umwambaro w’igisoda ) .

Izindi ngabo isinzi zaguye mu bitero bidasanzwe vyakozwe kandi bikibandanya i Bujumbura no ku makambi y’u Burundi , nk’uko amakuru adushikira avyemeza . Ayo makuru yemeza ko hari n’abashika 3 mu bateye basize ubuzima muri iyo mirwano ; aho babiri bapfiriye mw’ishure rya gisirikare ISCAM , mu gihe uwundi mu bateye umwe yaguye mw’ikambi yo mu Ngagara .

abateye

Hakaba hatewe ikambi 5 arizo ikambi ya Ngagara , ya Base des Forces Armées ( BFA ) , ikambi ya Muha n’ikambi ya Mujejuru ; aho havugwa ko n’ibigwanisho isinzi vyibwe mu makambi ya Base , Muha , Iscam na Mujejuru . Ayo makuru nyene akemeza ko ikambi yo mu Ngagara itigeze yibwamwo inkoho , kuko igisirikare gisa n’icabatesheje batarabitwara .

Bikaba biboneka ko Gaspard Baratuza bikimugoye gato , kuko atarashobora kwiga guharura ibiziga vy’ingabo z’igihugu mu gihe zihona ariko akabirenzako uruho rw’amazi .

IGIHUGU KIRATEKANYE

Mu gihe kubwa Gaspard Baratuza yemeza ko igihugu gitekanye , aha akabikora mu kwidigadiga kuko bigaragara ko u Burundi buri mu ntambara kandi nubu ko umutekano utifashe neza.

Amakuru dukura mu Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura ; abaporisi babonye ayo imbwa yaboneye ku mugezi ku mutaga wejo , 11/12/2015 , aho baterwa bakarengerwa n’abantu batamenyekanye . Ayo makuru nyene yemeza ko abo baporisi bageze ku guhererwa n’amasasu baca bakoma akaruru batabaza , nk’uko abanyagihugu bo mu Nyakabiga bavyemeza ; hakaba haciye haza abasirikare gufasha abo baporisi bari bageramiwe aho mu Nyakabiga .

umus

Twobibutsa ko muri ivyo bitero , abanyagihugu isinzi bakubaguwe cane aho vyari ibintu biteye ubwoba n’isoni aho hari abanyagihugu bamaze kumenyekana bashika hafi 2 bagandaguriwe ku Mutakura ataco bazira , mu gihe abandi banyagihugu bashika 3 bahejeje kugandagurwa muri iri joro mu Nyakabiga .

NTITURI IBIJUJU TWESE

Mu gihe hatewe amakambi y’igisirikare atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati , abanyagihugu benshi baribaza kw’ijambo yubahutse gushikirizwa na Gaspard Baratuza . Muri iryo jambo , Baratuza ati

” ABATEYE BASHAKA KUBOHOZA ABAFUNGWA BAFUNGIWE MU MPIMBA “.

Aha abarundi bakibaza bati , nimba vy’ukuri bashaka kubohoza abanyororo ;

1) abo bateye bateye mw’ikambi y’igisoda iri mu Ngagara ari uko bahaziga ibohero rya Mpimba ?

2) ikambi ya Mujejuru iri hejuru mw’i Jenda mu ntara ya Bujumbura – rural , boba bayiteye bahaziga ibohero rya Mpimba ?

Ivyo arivyo vyose ibihe bitubikiye vyinshi , kuko biragoye gushigikira iryo jambo kiretse nimba twobwirwa ko Mpimba yahindutse IBOHERO NGENDANWA .

INAMA YIHUTA YA ONU

Igihugu c’u Bufaransa casavye ko inama yihuta ya ONU yokorana ku Burundi , nk’uko tubikesha bamwe mu bategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU .Nk’uko ayo makuru nyene avyemeza , iyo nama iraba uno musi aho bukera mu masaha ya sa kumi n’imwe y’igitondo ( dufatiye ku masaha y’abanyamerika ) .

Ibi bikaba bije mu gihe igihugu c’u Burundi kiri mu mirwano y’urutavanako aho abatari bake babandanya kwicwa, ababishoboye naho bakaba baguma bahunga kumvo zuko mu Burundi atamutekano uhari.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments