Umuhinyanyuzi w’ indirimbo adasanzwe yakorera mu gisagara ca Bujumbura aho Bita mu bwiza muri Studio yitwa BUJA RECORDS azwi kw’ Izina rya Lizer Classic ubu yamaze gutangura gukorera muri studio ya kizigenza Diamond Platnumz mu gihugu ca Tanzania.


Ibi bikaba ari bimwe mu bintu vyababaje abaririmvyi hamwe n’ bakunzi b’ umuziki w’ uburundi kuba Lizer Classic atazosubira gukorera mu Burundi. Kubwiwe ngo iri n’ iteka ridasanzwe kuba yateye intambwe ikomeye nk’ iyi ariko ngo namba ntazopfa yibagiye umuziki w’ uburundi kandi azofasha abaririmvyi b’ abarundi mu buryo ashoboye.







Recent Comments