Umugambwe CNDD FDD uza ku kibanza ca mbere mu biharuro vy’imfatakibanza umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI ushikiriza.

Mu gihe hakirindiriwe ibiharuro ntabanduka vy’amatora y’abajenama b’amakomine hamwe n’abashingamateka yabaye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 ruheshi mu Burundi, umurwi ujejwe gutegura amatora uramenyesha uko ibiharuro vy’imfata kibanza vyifashe.
Mu biharuro vy’imfatakibanza bimaze kuboneka ngo umugambwe CNDD FDD uza ku kibanza ca mbere ugakurikirwa n’urunani abigenga Amizero y’abarundi rutwarwa na Rwasa agathon. Ariko urwo runani rukaba rwari rwaramenyesheje ko rutakiri mu matora ahubwo runatumirira abanywanyi barwo ko batokwitabira ayo matora.
Umuvugizi w’uwo murwi utegura amatora Ntahorwamiye amenyesha ko ayo majwi y’uro runani rw’abigenga Amizero y’abarundi adashobora gufatwa nk’impfagusa kubera basanzwe bari ku rutonde rw’abitoza.





Recent Comments