Leta ya Kongo yishimiye amasezerano agiye gusinywa hagati ya Kongo n’umuhari m23 agamije guhagarika burundu intambara mu buseruko bwa Kongo.
Muri AFC/m23 hoho bararahira bakarengwa ko ata na metero imwe bazorekura mubice vyose bamaze kwigarurira.

Mugihe kuri uyu wa 19 mukakaro 2025,I doha muri Qatar RDC n’ihuriro AFC/m23 bashize ku mukono kuvyokwisunga kumasezerano agamije guheza burundu intambara mu buseruko bwa Kongo,kumpande za Leta ya Kongo iraryohewe,m23 yoyo iti ntiturota turekura ubutaka bwacu!
Bakimara gushira umukono kuri aya masezerano ntarengwa,umushikiranganji ajejwe ivyo kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa leta ya Kongo,yavuze ko ubu m23 itegerezwa kurekura ibice yagenzura maze bikagenzurwa na leta.
N’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Kongo,Thérèse kayikwamba yavuze ko ari intambwe ishimishije kubona leta aserukira ishira umukono kumasezerano ntarengwa agamije guheza intambara burundu mu buseruko bwa Kongo.
Kuruhande rw’ihuriro AFC/m23 bemeza ko ivyo leta ya Kongo ivuga bidafise ishingiro,umunyamabanga mukuru wa AFC/m23 Benjamin Mbonimpa ari mubateye umukono kuri aya masezerano yemeza ko ata bice m23 izorekura.
Agira ati:”muri aya masezerano,ntanahamwe bavuga ingingo ko m23 izova mubice yafashe,nta metero imwe tuzorekura.”
Ivyo biri uko mugihe inyuma y’imisi 10 kuva aya masezerano ntarengwa asinywa kuwa 19 mukakaro ariho hazosinywa amasezerano nyezina agamije gukuraho intambara mubuseruko bwa Kongo.





Recent Comments