UBM News ads

Amérique-Russie:Putin ahawe imisi 50 kuba yahagaritse intambara muri ukraine

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Donald Trump atanze imisi 50 yonye kugira prezida Vladimir putin abe yemeye gusinya amasezerano yo guhagarika intamabara muri Ukraine atavyemeye ibihano ruhasha muvyo ubutunzi n’ubudandaji bigiye gufatwa.

Hagati Aho Donald Trump yemeje ko Ukraine igiye guhabwa izindi nkoho zo mu bwoko bwa ‘patriots ‘ mu guhangana n’uburusiya

Prezida Donald Trump yaraye atanze imisi 50 kugira prezida w’uburusiya Vladimir putin abe yahagaritse intambara muri Ukraine vyanse naho hazokwirikira ibihano bikomeye.

Hari mu nama ku musi w’ejo hagati ya prezida Donald Trump n’umunyamabanga mukuru wa OTAN,aho Donald Trump yemeza ko uburusiya buzofatirwa ibihano ku bidandazwa vy’uburusiya bikarihishwa amakori n’ama taxe 100% mbere n’abakora ubucuruzi Bose n’uburusiya kugira barubuharire ivomo mu makungu.

Gusa kuri iki kibazo,Prezida Donald Trump yagarutse yemeza ko Ukraine igiye kuronswa izindi nkoho zo mu bwoko bwa Patriots kugira ihangane n’ibirero vy’indege z’uburusiya ariko izo nkoho zokaba zizogurwa n’ibihugu vya Bulayi maze amarika nayo ikabona kuzitanga muri Ukraine.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments