UBM News ads

Ikori canke intererano?abakozi bamwe bagiye gukatwa 0,5% kumishahara yabo mu gufasha ba ntahonikora n’igisata c’indero

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abakora imigambi ifashwe mu mungongo n’amashirahamwe mpuzamakungu,abagenywe mumabanga y’igihugu(mandataires politiques, abaronse amasoko ya Leta bagiye gukatwa 0,5% kumishahara yabo kugira bafashe ba ntahonikora mu kuronka ikarata yo kwivurizako CAM hamwe no kugura ibitabo vy’amashure.

Ibi biri mw’itegeko nshikiranganji ryaraye riteweko umukono n’umushikiranganji w’ikigega ca Leta Nestor Ntahontuye.

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta Nestor Ntahontuye yaraye ashize umukono kw’itegeko nshikiranganji num 540/075 ryo kuwa 15 mukakaro 2025 rishiraho intererano nshasha ku mirwi imwe imwe y’abakozi ba Leta n’abikorera utwabo.

Nkuko biri muri iryo tegeko,abaronse amasoko,abagenywe mu mabanga y’igihugu(mandataires politiques),abokora imigambi ifashwe mumugongo n’amashirahamwe mpuzamakungu bagiye gukatwa 0,5% kumishahara yabo.

Iryo tegeko ryerekana ko ayo mafranga azofasha bantahonikora kuronka ya karata yo kwivurizako CAM hamwe no kugura ibitabo vy’ishure n’ibindi bikoresho nfashanyigisho.

Aya mafranga akaba agiye gukora muri uyu mwaka w’amafranga leta zokoresha muri 2025-2026.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments