Abagwayi ba coronavirus bageze kuri 140 m’Uburundi

0

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, Muganga Thaddée Ndikumana, kur’uyu wa mbere. Aho ni mugihe abantu bashika 5.300 bapimwe bakaba bari barabonanye n’abantu 40 batowe ico kiza ku matariki ya 4 na 5 nzero 2021.

Ico kiza kikaba kiriki kirakwira no hagati mu gihugu ku mipaka Uburundi buhana n’ibindi bihugu. Ingingo zikomeye zikaba zarafashwe n’umurwi wok u rwego rw’igihugu ujejwe kurwanya ico kiza ca coronavirus. Izo nazo hakaba harimwo kugara imbibe zabaca kumipaka no mumazi.

 

Hakaba harikuriwe kuza ibidandazwa gusa. Ariko ikibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye kikaba kiguma cakira abantu ariko bakamara imisi 7 bapimwa ko ata coronavirus bafise, igipolisi kikaba arico kibitwarira mu mahoteli. Ayo nayo akaba atemerewe kwakira uwundi muntu atari uwuvuye hanze y’igihugu.

 

Abakwirikirana ivy’ubutunzi bw’Uburundi bakabona ko agahombo gashobora kuba kenshi mugihe izo ngingo zomara igihe kinini.