#Covid-19: ‘Ububare batamba ijoro, ama karaoke birugawe gushika hasohotse irindi tegeko’

0

Abarundi basabwa kutajana n’ibihuha muri iki gihe ca Covid-19 kiriko congerekana mu gihugu c’Uburundi na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’itangaza ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwashize ahabona biciye ku rubuga rwa Twitter, Abarundi baributswa kutagira ubwoba burenze cane.

Ng’ibi ivyo ubushikiranganji bwameneysheje bigiye kwugarwa ibindi bihabwa amategeko mashasha yo kwikingira:

  • Ubu guhera ubu bwa bubare barara baratamba(boite de nuit, aka karaoke) birugawe gushika hatanzwe irindi tegeko.
  • Ubunywero hamwe n’abategura ibiteramo vuyegaranya abantu benshi basabwe kwubahiriza ingingo zo kwikingira ikiza ca Covid-19.
  • Bivuye ku bihuha bikwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi, ubushikiranganji bwasavye ko abarundi bokwisunga gusa amakuru atangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu aho gutwarwa n’ibihuha.

Mwomenya ko hasubiye gutangura isekeeza ryo kurwanya ikiza ca Korona mu gupima abantu bose babishaka na cane cane mu gisagara aca Bujumbura.

Muri iryo pima ku bantu babonanye nabantu 40 basanzwemwo ikiza, abantu 100 bakaba basanzwemwo ico kiza inyuma yo gupimwa kubera babonanye n’abari bamaze kwandura.