Domitien Ndayizeye arahanura abaganda mu matora yo kur’uyu wa kane

0

Uwahoze arongoye Uburundi Domitien Ndayizeye yaragenywe gucungera amatora yo mu gihugu c’Ubuganda kitari kure y’Uburundi. Ayo matora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka akazoba itariki 14 nzero 2021.

Domtien Ndayizeye yarongoye Uburundi kuva 2003 gushika 2005 akaba yagenwe n’umuryango w’ibihugu vya EAC kugira arabe ko ayo matora akurikiza amategeko mpuzamakungu agenga amatora abaye ku mugaragaro.

Kur’ubwo rero prezida Domitien Ndayizeye arasaba abaganda gushira imbere ineza ya bose mu matora y’Umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka. Ivyo biruko mu gihe Prezida Yoweli Museveni ariko aharanira gutwara mandat ya 6, ivyo abatavuga rumwe nawe badashaka kumva bakabona ko yobisa abandi ariko wewe n’abamushigikiye ntabavyumva uko.

Boby Wine umuririmvyi ari kwisonga ubu ry’abashaka kumusubirira akaba atorohewe mu kwiyamamaza, mbere akaba atazoshobora kwemera ibizova mu matora nkuko vyama vyagenze murico gihugu iyo hageze amatora haca haduka imvururu.

Prezida Museveni akaba amaze kubutegetsi imyaka 34 mugihe afise imyaka 76.