Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNews″Muvuga ko mwahunze imbonerakure. Nimuze murabe ubu uko zimeze,zarahindutse‟ Intumwa z’uburundi...

″Muvuga ko mwahunze imbonerakure. Nimuze murabe ubu uko zimeze,zarahindutse‟ Intumwa z’uburundi zibwira mpunzi z’i Mahama.

Kuri uyu wa kabiri w’indwi turiko tusozera, Intumwa za Leta y’uburundi zarashitse mw’ikambi y’i Mahama guhimiriza impunzi zirenga 39.000 z’abarundi kugira ngo zitahuke ku bwinshi ariko zivyishakiye. Mw’uwo mubonano , Ahubwo habaye ukwagirizanya hagati y’izo mpande zibiri aho vyabonetse ko izo mpunzi z’abarundi zidashaka gutaha iwabo kubera ko ivyatumye bahunga igihugu nubu bikihari naho izo ntumwa zari zaserukiye Leya ya Evariste Ndayishimiye zagumye zigerageza kuzumvisha ko ibintu ubu mu gihugu bimeze neza.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Uwaje arongoye izo ntumwa za Leta y’uburundi , André Ndayambaje yarabajijwe ibibazo bitari bike n’abaserukira impunzi n’abarongozi b’amadini bari mw’iryo huriro.
″Ng’uru rutonde rw’abaungutse bishwe, baranyuruzwa abandi nabo barahagarikwa. Ng’izi intonde z’abagarutse mu buhungiro . None ni gute mugomba ko tuza mu bihe nk’ibi?‟ Niko vyabajijwe abaserukira impunzi.
Aha, uwo murwi urongowe na Andre Ndayambaje ntiwariye umunwa mu kwishura izo mpunzi:
″Ni ibihuha mu kwiragiza ngaha . Amahoro n’umutekano birasasagaye iwanyu, iwacu. Baze ba buramatari banyu bari ngaha. Ntituri ngaha ngo tubahende kandi aha muri mwebwe harimwo abagenzi, abo twahoze dukorana hamwe n’incuti . Igihugu n’ukuri kirabakeneye ‟

Buramatari w’intara ya Bururi, Colonel Léonidas Bandenzamaso yari mw’izo ntumwa nawe ati :
″Muvuga ko mwahunze imbonerakure . Ni muze murabe ubu ko imbonerakure zimeze.zarahindutse. Ndabibabwiye kandi ndanabibasubiriyemwo . Muraza mwirabire mwebwe nyene .Muzoshobora gushinga intahe nimba zarahindutse canke zitahindutse‟

N’urwamo n’induru vyinshi:
″Mushaka ko batwica. Turazi ico twahunze . Genda mubanze muhagarike ubwicanyi , habe ubwigenge bw’ubutungane . Mu gihugu umukuru w’igihugu arira n’abanyagihugu bakarira ,… genda mu banze mutorere umuti w’ico kibazo . Cane cane muhoze umukuru w’igihugu , niyanuma natwe tuzokwumva dutekanye. Imana ibahezagire‼‟ Niko abaserukira izo mpunzi bishuye maze bakomerwa amashi n’abo baserukiye.

Mu gusezera izo mpunzi z’i Mahama, Uwo murwi w’izo ntumwa za Leta ya Gitega wamenyesheje ko urindiriye abarundi bazohunguka ubwa mbere ″guhimbaza imisi mikuru ya Noheli n’umwaka mushasha bari mu ruhongore‟.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments