Saturday, January 28, 2023
HomeNewsUmukenyezi w’imvukira y’intara ya Rumonge yibarutse abana batandatu.

Umukenyezi w’imvukira y’intara ya Rumonge yibarutse abana batandatu.

Umukenyezi wo mu ntara ya Rumonge yibarutse kuri uyu wa gatandatu abana batandatu mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge biri mu gisagara ca Bujumbura.
Amakuru yagiye arahanahanwa biciye ku mbuga ngurukanabumenyi aho yerekanye amasanamu y’abo bana, avuga ko abaganga bafashije uwo mukenyezi kwibaruka mu buryo bwa ″césarienne‟. Abo baganga bemeje ko amagara y’umuvyeyi ndetse n’abana yifashe neza cane.

Abatari bake mu barundi bavuganye n’ikinyamakuru UBM News, babona ko ari nk’igitangaro bumvise kibaye mu Burundi kuko batari bamenyereye Umukenyezi yibaruka abana nkabo. ″Twari tumenyereye abibaruka amahasa, canke ubushuri, Ego haruwo duheruka kwumva yavyaye abana bane nawene twaratangaye cane ariko, batandatu? Nukuri ni igitangaro mbonye kuva imyaka maze mbayeho‟ bivurwa n’umukamakare Gacoreke w’imyaka 87 twaganiriye aba muri zone Kamenge, mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru dukura mu baganga akongera akemezwa n’umushingantahe w’uwo mukenyezi yibarutse abana batandatu bose bemeza ko Umukenyezi Mugishimana Johali yibarutse abana b’abahungu batatu hamwe n’abakobwa batatu . Abaganga bakaba baciye batunganya vya vyuma vyo kubundikira kuko bavutse badakwije ibiro.

Must Read

“ko wabuze ico ukora reka tukuyoze birya bicafu ube urakora ivyo”...

0
Abashomeri baja hagati mu gisagara ca Bujumbura ataco baba bariko barahakorera bagiye kubahagurukira . Bivurwa n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca aho agirako atomora mu...