ˮInyifato y-intwaro ya Ndayishimiye ntaho itaniye n-iya Nkurunziza‟ Bivurwa na Pacifique Nininahazwe.

0

Mu gihe yariko abazwa n-umumenyeshamakuru w-iradiyo y-abadagi Deutsche Welle kubijanye n-ibiheruka gushikirizwa n-umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi aho yemeje ko ata bantu banyuruzwa mu Burundi,  Pacifique Nininahazwe avuga ko n-ubu atacahindutse ku ntwaro nsha  ya Perezida Ndayishimiye.Intelligence briefing: Unmasking faces of Burundi radical opposition  leaders plotting Nkurunziza downfall - Trumpet News

Uwo arongoye ishirahamwe FOCODE risanzwe riri mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yafuswe na Leta y-uburundi ,abimenyesha  afatiye ku murindi udasanzwe w-abantu baguma batorwa ibiziga, abandi bakaburwa irengero babanje gufatwa n-abamwe bari mu nzego z-umutekano hamwe n-abajejwe intwaro, Kubwiwe, akavuga ko itosekara  ry-agateka ka zina muntu  ryaranze ubutegetsi bw-umuhisi Petero Nkurunziza ariryo n-ubu rikibandanya ku butegetsi busha burongowe na Perezida Varisito Ndayishimiye. Pacifique Nininahazwe agatera akamo umuryango w-ubumwe bwa buraya kubandanya urazwa ishinga n-ukwo agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi.