UBM News ads

ˮ Abo bose bashatse kungandagura nukuri ndabagiriye ikigongwe‟ Bivurwa na Pierre- Claver Mbonimpa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imyaka itandatu irarumanye  uwurongoye ishirahamwe APRODH   umushingantahe Pierre-claver Mbonimpa ahatswe kugandagurwa na bamwe bari mu nzego z-umutekano . Pierre-Claver Mbonimpa iyo ari mu buhingiro ababazwa n-ukuntu ubutungane bw-uburundi ataco bwigeze bukora kugira abashatse kumwaka ubuzima  bashengezwe .Burundi: Pierre Claver Mbonimpa has recovered but questions remain on who  wanted him dead | Amnesty International

ˮUbutungane ntaco burakora kugira menye abashatse kungadagura, abahatswe kungandagura ndabazi, ababishize mu ngiro ndabazi . ubutungane budakoze ku bwicanyi buzoguma buba ndanse mu gihugu, Abica abantubazoguma bigamba,  Nubu nagomba kwitahira mu gihugu ariko ntahe babandi bagomba kungandagura, bamwe banyicira umwana bakiri harya ndababona ? batigeze bacibwa n-urubanza ? Abagandaguye abantu isinzi  bashika ibihumbi n-ibihumbi ata rubanza baciriwe ? Ariko ku bwanje abo bose bashatse kungadagura hamwe n-ababiteguye  nukuri jewe ndabagiriye ikigongwe . Ariko rero nka guma ntaka ubutungane  kuko ubutungane ntibugirira ikigongwe inkozi z-ikibi‟  Niko Petero Karaveri Mbonimpa yabwiye bagenzi bacu b-iradiyo ry- ijwi ry-urwaruka Peace FM.

Uwo arongoye ishirahamwe APRODH ryiyemeje guharanira agateka ka zina muntu na cane cane akabafungwa amenyesha ko bashimye kwitura ubutungane Mpuzamakungu  kuko ubutungane bw-uburundi biboneka ko butigenga. Ariko Pierre-Claver Mbonimpa afise icizere ko Umukuru w-igihugu c-uburundi ahari ubu ashoboye kugira ico afashije ku babuze ababo kuko ngo  Perezida Varisito Ndayishimiye ata mabi y-ubwicanyi yigeze  avurwamwo kuva umugambwe aturukamwo CNDD-FDD ushitse ku butegetsi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments