ˮAbantu badafise ico barwanira bagakinisha inkoho bazohona‟ Bivurwa na Réverien NDIKURIYO.

0

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD waraye utanguje kuri uyu wa kabiri indwi yahariwe umurwanyi.  Ni umusi wahariwe kwibuka abapfiriye ku rugamba rw-umuhari CNDD-FDD ukiri mw-ishamba.Révérien Ndikuriyo : « Je serai un bon pasteur, ne soyez pas des brebis  égarées » – IWACU

Mw-ijambo ryiwe, Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Réverien NDIKURIYO  yamenyesheje ko abantu badafise ico barwanira mugukinisha inkoho bazohona. Yabivuze uku : ˮugiye mu ntambara utagira ico urwanira , urahona . Ntibaze baravuga ngo twavuze ko tuzobamara, bazohera kuko ntaco bazoba bariko bararwanira‟

Uwo arongoye umugambwe uri kubutegetsi kuva mu mwaka w-2005 ahamagarira abarundi kuvavanura n-amacakubiri  aho yemanga ko abatari bake mu barwanyi b-uwo mugambwe bishwe n-abagenzi babo bitewe n-amacakubiri.

Tubamenyeshe ko igenekerezo rya 16 Munyonyo yama itangurirako indwi yahariwe umurwanyi muri CNDD-FDD , niyo yasinyiweko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Leta y-uburundi   n-uwo mugambwe ukiri umuhari urwanira mw-ishamba. Hari mu mwaka w-2003.