Mu gihe yariko abazwa n-umumenyeshamakuru w-iradiyo y-abadagi Deutsche Welle kubijanye n-ibiheruka gushikirizwa n-umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi aho yemeje ko ata bantu banyuruzwa mu Burundi, Pacifique Nininahazwe avuga ko n-ubu atacahindutse ku ntwaro nsha ya Perezida Ndayishimiye.
Uwo arongoye ishirahamwe FOCODE risanzwe riri mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yafuswe na Leta y-uburundi ,abimenyesha afatiye ku murindi udasanzwe w-abantu baguma batorwa ibiziga, abandi bakaburwa irengero babanje gufatwa n-abamwe bari mu nzego z-umutekano hamwe n-abajejwe intwaro, Kubwiwe, akavuga ko itosekara ry-agateka ka zina muntu ryaranze ubutegetsi bw-umuhisi Petero Nkurunziza ariryo n-ubu rikibandanya ku butegetsi busha burongowe na Perezida Varisito Ndayishimiye. Pacifique Nininahazwe agatera akamo umuryango w-ubumwe bwa buraya kubandanya urazwa ishinga n-ukwo agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi.





Recent Comments