NEWS

Zeid Ra’ad Al Hussein : ‘Ibihugu Vy’Uburundi, Syria na Kongo Vyacitse «Ibibanza Vy’Ibagiro Vy’Abantu».

on

Intumwa Idasanzwe ya ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu, ariwe Zeid Ra’ad Al Hussein ariyamiriza ivyo yita « ibibanza vy’ibagiro vy’abantu » mu burere butandukanye bw’isi. Ibihugu uyo mutegetsi wa ONU avuga ni bitanu kw’isi aho harimwo igihugu ca Syria, Yemen, Myanmar( Birmanie) ; harimwo kandi ibihugu vy’Uburundi na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo. Ayo majambo akaba yayavuze mu nama ijanye n’ivyagateka ka zina muntu ya 37 i Geneve mu Buswise ejo ku wa 26 Ruhuhuma 2018, nk’uko RFI ibivuga.

Zeid Ra’ad Al Hussein yamenyesheje ati : « Akarere ka Goutha yo mu Buseruko[ muri Syria] hamwe n’utundi turere two muri Syria dusugerejwe, uturere twa Uturi na Kasaï muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, Taa’iz muri Yemen, Uburundi na leta ya Rakhine muri Birmanie vyacitse ibibanza vy’ibagiro vy’abantu mwa kino gihe».

Zeid Ra’ad Al Hussein

Zeid Ra’ad Al Hussein yaravuze kandi ko ata gushaka gukora hamwe no gukorera hamwe mu makungu. « Ntihabaye ugukora bikwiye kandi mumugwi kugira hirindwe aka kabi kabishe ntigashike…Kenshi na kenshi, ibiro vyanje twamye tubibwira amakungu…ivyo vyotumye haba igikorwa co gukinga amabi…ariko kenshi na kenshi ivyakozwe hakozwe ibidashemeye ».

Zeid Ra’ad Al Hussein akaba kandi yaragirije ibihugu bitanu vyo mu Nama y’umutekano ya ONU kuba bikoresha ububasha bwabo mu guhagarika ingingo zafashwe( Droit de véto), ko arivyo « vyobazwa amagume menshi » kubera ko ivyo bihugu vyagiye birahagarika ingingo zaba zafatiwe hamwe. Zeid Ra’ad Al Hussein akaba asaba rero ibihugu vy’ Ubushinwa, Uburusiya na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika kurangiza ivyo « gukoresha ububasha bwavyo mu guhagarika ingingo zafashwe».

Uko biri kwose, ibihugu bibiri vyo muri Afrika arivyo Uburundi na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo vyiswe ‘ibibanza vy’ibagiro vy’abantu » bizogira ico bivuze kuri ayo majambo ya Zeid Ra’ad Al Hussein.

Recommended for you