Uburundi Ntibwahebwe Na Bose, Bamwe Bamwe Baraza.

0

Inyuma y’aho hadukiye intureka zo mu vya politike mu mwaka wa 2015, ibihugu bitari bike vyarahagaritse ku rugero runaka ibijanye n’imigenderanire n’Uburundi. Ariko ngo uwuvunitse aca yiga gucumbagira: Uburundi buragerageza uko bishoboka kwose kugira ngo ibihugu bitari bike bigaruke mu Burundi kugira ngo ukwo ‘gukumirwa’ gutorerwe umuti.

Abo baserukira ibihugu vyabo bakaba bava mu bihugu vya Slovaquie, Korey y’Epfo, Israël, Indonésie, Philippines, Portugal, Suède, Ubwongereza na Serbia; nk’uko Iradiyo nkuru y’igihugu yabitangaje. Abo baserukira ibihugu vyabo barahawe akaryo ko kumenya uko ivy’umutekano vyifashe mu Burundi, maze babona ko ari “igihugu ciza kandi gifise amahoro”, nk’uko RTNB yabandanije.

Leta y’Uburundi irakora ibishoboka cane kugira izibire ‘ikinogo’ cashizweho n’abahora bakorana n’Uburundi imbere y’amagume ya politike ya 2015, ayahavuye avamwo n’ugushaka guhirika ubutegetsi.

Abahora bafasha Uburundi bo mu bihugu vya Buraya na Amerika ya ruguru( L’Occident) barasizeho inkenero idasanzwe mu vy’Ubutunzi ku buryo ubu igihugu c’Uburundi kiriko ciyegereza cane ibihugu vyo muri Asia cane nk’Ubushinwa n’uburusiya n’ibindi.