NEWS

Video :Iyindi Video Yerekana Imbonerakure Ziriko Zigisha Urwanko Yagiye Ahabona.

on

Nkuko tubikesha Miami Herald, ababuranira agateka ka zina muntu baragaragaje ishavu ejo ku musi wa kabiri itariki 30 Rusama 2017 kuri video nshasha yagiye ahabona yerekana urwaruka ruri mu muhari w’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD bariko bigisha abana bakiri bato bakiri ku ntebe y’ishure indirimbo aho baririmba bavuga ko abatavuga rumwe na Leta y’uburundi ari « inda »( poux canke lice mu congereza).

Iyo video yerekana urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ije ikurikira iyindi yaheruka kuja ahabona yarekana izo mboneraskure nyene zihamagarira gufata ku nguvu abatavuga rumwe hama bakavyara imbonerakure.

Umu avocat akongera agaharanira agateka ka zina muntu Lambert Nigarura yamenyesheje ko ubutumwa bw’urwanko buri muri iyo video bugenewe kwerekana ko Abantu bo mu bwoko bw’abatutsi ari abantu babi.

Lambert Nigarura akaba abona ko iyo video ari « intambwe ya nyuma yo gutegura ihonyabwoko ».

Iyo video ikaba yafashwe n’umugwi w’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi iBurundi.Muri iyo video haravugwamwo ko ‘abagandaguye Ndadaye nubu bagifise uyo mugambi’.

Raba iyo video hano :

Recommended for you