NEWS

Museveni yahakaniye Mugenziwe Nkurunziza ko ‘Inama ya EAC idasiba ku wa 30 Munyonyo 2018’.

on

Mw’ikete umukuru w’igihugu ca Uganda akongera akaba uwusanzwe ari uwuahagarariye akarere k’ibihigugu vya Afrika y’Ubuseruko, Yoweli kaguta Museveni, yamenyesheje mu kwishura mugenziwe w’Uburundi ko ‘inama ya EAC’ idashobora kwigizwa inyuma kandi ko izoba ku wa 30 Munyonyo ata camira.

Ivyo Museveni yabimwishuye inyuma y’aho mugenziwe w’Uburundi amwandikiye ikete ryo kumusaba ko iyo nama ‘yokwigizwa inyuma’ kubera ko ‘Uburundi bwaronse ubutumire muri iyo nama bwacerewe, kandi ko butiteguye neza’.

Mw’itangazo ryagiye ahabona ryashikirijwe na EAC, rimeyesha ko iyo nama itegekanijwe ku wa 30 Munyonyo 2018 izoba ata kibuza. Soma iryo tangazo ngaha.

Soma kandi: Museveni na Nkurunziza ntibabona kumwe ibijanye n’Inama ya EAC yimirije.

Uburundi bwari bwasabwe ko bwohabwa amayinga nk’abiri kugira bwitegurire iyo nama. Ariko rero, Yoweli kaguta yabihakanye, mbere bikagararaga ko atitayeho ubutumwa intumwa za Nkurunziza zashikirije Museveni i Kampala.

Museveni akaba yamenyesheje muri iryo kete ryandikiwe Nkurunziza ko ‘atemera na gato ko Inama ya EAC itegekanijwe ku wa 30 Munyonyo 2018 yigizwa inyuma kubera kwoba ari uguhuhonyanga ingingo zimwe zimwe za EAC’.

Recommended for you