NEWS

Museveni na Nkurunziza ntibabona kumwe ibijanye n’Inama ya EAC yimirije.

on

Umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweli Kaguta Museveni yarandiste ikete ryo gutumira abakuru b’ibihugu vya EAC basabwa kwitaba Inama nkuru y’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko itegekanijwe kuba ku wa 30 Munyonyo 2018.

Mu gihe abakuru b’ibihugu bindi vya EAC bemeye ubwo butumire bw’Inama ya EAC yo ku wa 30 Munyonyo, igihugu c’Uburundi coco kibona ko iyo nama yokwigiza inyuma.

Mw’ikete ryasinywe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza, rimenyesha ko ‘Uburundi bwaronse iryo kete ryo gutumirwa muri iyo nama bwacerewe, rero ko iyo nama yo ku wa 30 Munyonyo yokwigizwa inyuma kugira habe imyiteguro ikwiye kuri leta y’Uburundi’.

https://twitter.com/FrancisBizimana/status/1066936923908947968

Iryo kete ryagiye ahabona rikamenyesha ko n’imiburiburi ‘leta y’i Bujumbura ikeneye amayinga abiri yo kwitegurira iyo nama’. Leta y’i Bujumbura ikamenyesha ko yaronse iryo kete itevye ku wa 21 Munyonyo.

Aba na bariya baribaza igituma hari ukutabona kumwe hagati ya Museveni na Nkurunziza kuri iyo nama. Hari abiyumvira ko Leta y’i Bujumbura yoba ishaka gusiba iyo nama ya EAC kugira ntihatwe ibibazo ku mpamvu ititavye ibiganro biheruka kubera i Arusha ku ncuro ya gatanu.

Ariko rero, biragaraga ko Leta y’i Bujumbura yaciye irungika intumwa kwa Museveni kugira basabe ko iyo nama ya EAC yokwigizwa inyuma. Kumbure Museveni azokwemera igisabo ca Leta y’uburundi canke iyo nama ibe Uburundi butayirimwo. N’ivyo gutega amaso…

Recommended for you