NEWS

Impunzi Z’Abarundi Muri Kongo Zimukiye Mu Rwanda. Kubera Iki?

on

Impunzi z’Abarundi zishika 2500 zarafashe ingingo ejo ku musi wa gatatu kwimukira mu gihugu c’Urwanda zivuye aho zari ziba muri republika iharanira Demokrasi ya Kongo mu gace ka Kamamyola ku gutinya guhungurwa mu Burundi ku nguvu ,nk’uko umuvugizi wazo abivuga.

Izo mpunzi zikaba zari ziri mu mugwi w’abakatolika uyoboka uwuvuga ko ari umuhanuzikazi Zebiya, bavuga ko bahunze igihugu kubera ugutotezwa.Muri Nzero 2018, izo mpunzi zikaba zari zarahiye zirarengwa ko zitemera kwandikwa mu butyo bwa none( Enregistrement biométrique) kubera ko ku bwazo gukora ivyo vyohonyanga ingingo zo mu vyidini zigirwako.

Dionyse Nyandwi, uwuserukira izo mpunzi yamenyesheje News24 ati: “ Haraheze amezi abiri ata bifungurwa turonswa na HCR, twabaho duterwa ubwoba n’ababanyi bacu b’abakongo, kandi twatinya ko twohavuye dutahukanwa ku nguvu mu Burundi”.

Akaba kandi yamenyesheje ko izo mpunzi zasavye ubufasha bw’ingaboza ONU zicungera umutekano aho muri Kongo, MONUSCO, ko zishaka kwimukira ‘mu kindi gihugu aho bobaho bafise umutekano’, maze izo ngabo za MONUSCO zirabaherekeza n’amaguru gushika mu Rwanda( nk’ibilometero bitanu) mu karere ka Bugarama.

Dionyse Nyandwi abandanya gutya: “Turarindiriye iyandikwa…kandi turizeye ko Abanya Rwanda bazotwakira neza kubera ko tuvuga ururimi rumwe tukagira n’imico imwe”.

Ku bwa Xinhua Online, umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Kongo, Kabila Joseph, yamenyesheje ko Urwanda rwemeye kwakira izo mpunzi ku butaka bwarwo. “Ntibari impunzi, ahubwo bari abarondera ubuhungiro, kandi ntibahunze aho baba. Ukuri n’uko leta ya kongo yahisemwo kutabaha ubuhungiro kubera ko banse gukurukiza ibisabwa…”, niko uwo muhanuzi yavuze.

Intureka zabaye muri Nyakanga 2017 zatumye impunzi zishika 40 zo ngaho I kamamyola zihasiga ubuzima maze bica bituma haguma hari icuka kibi hagati yabakongo n’abo barundi. Leta y’Uburundi nayo yari yasavye ko izo mpunzi zotahukanwa ku nguvu mu Burundi.

Recommended for you