NEWS

Amani Pacifique Yiyemeje ‘Gushitsa Indoto Yiwe’.

on

Uburundi burafise urwaruka rutari ruke rumwe rugeregageza kwishiriraho imigambi yinaka kuzoshikako. Ubu umusore ahageze ni umurundi yitwa Amani Pacifique asanzwe akina umupira w’amaguru,aba mu gisagara ca Bujumbura, kandi akaba afise imyaka 17, yipfuza gushika ku mugambi wiwe yishingiye.

UBM News ikaba yaregereye Amani Pacifique kugira iyage nawe ku bijanye n’umugambi yipfuza gushikako muri Kazoza mu bijanye n’umupira w’amaguru.Raba hano ico kiyago:

UBM News: Witwa Ngwiki? kandi usanzwe ukora iki?
Amani Pacifique: Nitwa Amani Pacifique, nakaba nsanzwe ndiko ndakora imyimenyerezo mu mupira w’amaguru mu murwi w’igihugu w’abatarakwiza imyaka 17 (U-17 National Team).

UBM News: None ubona uko uriko ukora imyimenyerezo muri uyo mugwi hari amaterambere umaze gushikako?
A.Pacifique: Ego cane ndamaze kugera ku materambere kubera ko n’umumenyereza wanje amaze kunkeza ko nzogera kure mu bijanye n’umpira w’amaguru.

UBM News: None ni uwuhe mugambi ufise wo kuzoshikako muri kazoza?
A.pacifique: Mu buzima ico nipfuza gishikako cane cane ni ugutera imbere mu mupira w’amaguru gushika y’aho nshika ku kuba nkinara umugwi nserukira gihugu cacu c’Uburundi gushika mu mwaka wa 2021. Nkaba nsavye abo bose bonshigikira babikore bivuye ku mutima, na cane cane umumenyereza wanje agume amba hafi”.

UBM News: None n’akajambo ka nyuma akahe wobwira abo bose bashaka guteza imbere imigambi yabo?
A.Pacifique: Nosaba abo bose boba bashaka ko imigambi yabo ishika kure begere UBM News ibafashe gutangaza ivyabo kubera ko UBM News ikurikiranwa na benshi cane hirya no hino kw’isi n’abantu benshi cane”.

Ikinyamakuru UBM News kiri mu binyamakuru vya mbere bikurikiranwa cane mu Burundi eka mbere no mu Barundi bari hanze y’igihugu( Diaspora burundaise). UBM News ikaba ishitsa abayikurikirana ku kwezi barenga 500 000. Rero ntiwitinye kwegera UBM News niwaba ufise ico woshima gutangaza mu vyo ukora hama biheze bikwiragire hose mu buryo bunyaruka.

Ufise ico ubaza, baza kuri WhatsApp: +1 469 254 3433.

Recommended for you