Leta zumwe ubumwe z’Amerika yemeye miliyoni 25 z’ama dorari yo gufata prezida Nicolas Maduro wa Venezuela inyuma yo kurahira manda igira 3 y’imyaka 6.
Amerika yagiriza Maduro kurenganya Edmundo González mu gihe bizwi ko ariwe yatsinze amatora.

Prezida Wa Venezuela Maduro Nicolas yaraye arahiriye manda igira 3 y’imyaka 6 ivyo Amerika ibona ko bidakunda kuko itamwemera nk’uwatsinze amatora muri Mukakaro 2024.
Leta zunze ubumwe z’Amerika ikaba yaraye ishize kurutonde rw’abategetsi ba Venezuela bagiye gutabwa muri yompi. Uwa mbere ni Prezida Maduro,Amerika ikaba yemeye gutanga miliyoni 25 z’amadorali kubomuhagarika. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Diosdado Cabello,Amerika ikaba yatanze miliyoni 25 z’amadorari y’Amerka. Uwa nyuma n’umushikiranji w’umutekano Vladimir Padrino Amerika yemeye gutanga miliyoni 15 z’amadorari.
Intwaro Ya prezida Maduro yaranzwe n’ibibazo vya politike n’ubutunzi aho mbere ibihugu vya rutura nka Amerika,ubwongereza n’ibindi vyafatiye ibihano bikomeye igihugu ca Venezuela.
Amerika gushika ubu yemeza ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Mukakaro 2024 yaranzwe n’ubusuma bukabije aho mbere Amerika yemeza ko Edmundo González ariwe yatsinze amatora. Mw’irahira ryiwe ejo kumusi wa gatanu,Prezida Maduro yijeje abanyagihugu muri rusango ko agiye kunagura ibisata vy’imigenderanire n’ubutunzi yemeza ko igihugu Ca Venezuela kizogira iterambere muri iyi manda ya gatatu.





Recent Comments