Bisigaye bishika Abashingamateka bagatumwako mu nama nshingamateka ntibabimenye kubera ikibazo c’itumatumanako mu Burundi kimeze nabi.
Abashingamateka bati ntivyumvikana ingene ushiramwo mega z’ukwezi bakazitwara utazikoresheje,Ivyo Lumitel,Onatel na Econet-Leo bari gukorera abanyagihugu n’ubusuma bweruye kandi bikwiye guhagarikwa vuba bwangu”.

Abashingamateka baraye bagaragaje akababaro kuvyerekeye ikibazo c’itumatumanako mu Burundi aho kimeze nabi cane.
Abashingamateka ngo bisigaye bishika bamwe bagatumwako mu bikorwa vy’inama nshingamateka ariko bakaza kubimenya ibikorwa biza bihera kubera ibibazo vy’ama réseau.
Abashingamateka baragerageje kubaza umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo itumatumanako Leocadi Ndacayisaba ku musi w’ejo mu nama shingamateka bati:”mbega mu gihe umuntu aguze ama mega ariko bakayatwara adakoze ayo mafranga aca aja he?”
Kuri kino kibazo umushikiranganji nta nyishu itomoye yatanze.
Amashirahamwe nka Lumitel,Econet-Leo na Onatel ivyo bari gukora n’ubusuma gusa kandi bikwiye guhagurukirwa nkuko abashingamateka baraye babishikirije.
Umushikiranganji Leocadie Ndacayisaba akaba ahumuriza abashingamateka n’abarundi bose muri Rusangi ko gushika muri Ntwarante 2025,Ishirahamwe Lumitel ryiyemeje ko rigiye gushikana ama réseau aho adashika mu kurwiza ama Antene mu mu makaritiye ari kure y’igisagara ca Bujumbura mbere no Mu gihugu hagati.





Recent Comments