Uyundi muntu agira gatatu yaraye yishwe arashwe n-umusirikare.

0

Umunyagihugu yitwa Jean Marie Nshimirimana  yaraye yishwe arashwe n-umusirikare w-ipete rya kaporare  mw-ijoro ryo kur-uyu wa kabiri mu bunywero bwo kw-ibarabara ry-9 k-umutumba Buringa muri komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza.Image

Intandaro y-ubwo bwicanyi ni amatati  yaturutse k-ukuma kabika amajwi n-amasanamu mw-iterefone bita ˮcarte memoire‟ mu rurimi rw-igifaransa uwo musirikare yari yagurishijeko k-uwo yagandaguwe.

Tubibutse ko uwo yaraye yishwe abaye umuntu agira gatatu agandaguwe n-umusirikare mu kiringo kidashika indwi zitatu. Uwa mbere yishwe ku Musaga kuwa 30 Ntwarante, uwundi  nawe kw-igenekerezo rya 6 Ndamukiza ku Mukoni mu ntara ya Muyinga.