Mu rugendo yagize mu kigo OTRACO, umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yafashe ingingo yo guhagarika Albert Maniratunga, umuyobozi mukuru wa OTRACO hamwe n-ishirahamwe Global Smart Technology ryiyemeje gushira ibijanye na ˮ controle technique‟ mu ntara za Gitega, Bururi na Ngozi, ariko kugeza ubu bikaba bitarakorwa.
Perezida Ndayishimiye n-agashavu kenshi yavuze ati :ˮ…bisigura ko abenegihugu b-I Bururi, Rutana, kirundo, Gitega, Ngozi, Muyinga,… bose bakeneye controle technique barinda kumanuka i Bujumbura. Bari kubikorera mu ntara zabo. Murazi uruhombo bamaze kugira? Iyo sosiyete yarase gushira mu ngiro amasezerano twagiraniye kuva 2015. Kuva mwese yaba DG wa OTRACO n-abatwara iryo shirahamwe , ntawusubira kwinjira muri OTRACO. Amahera yose binjije tuzoyagaburamwo incuro zine, ibice bitatu bije mu kigega ca Leta , ayasigaye tuyabahe bace bataha‟
Umukuru w-igihugu yavuzeko yihaye imisi itatu kugira atange intumbero nshasha y-ingene ishirahamwe OTRACO igiye gutunganya ibikorwa vya ˮ controle technique‟





Recent Comments