UBM News ads

Ico uwacitse kw-icumu avuga ku mutego wakozwe muri komine Rutegama

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwarokotse mu mutego  wabaye mw-ijoro ryo ku musi wa gatandatu ku musozi Munanira uri muri komine Rutegama atashimye kwivuga izina ryiwe  , avuga ko hari nk-igihe c-isaha zibiri z-ijoro aho imodoka yarimwo yo mu bwoko bwa Probox yarwa mu mutego w-abantu bitwaje birwanisho.Muramvya/Sécurité : plus de 15 morts et des blessés dans une embuscade à Rutegama – IWACU

Avuga ati : ˮTwashikiriye imodoka yo mu bwoko bw-ikamyo iriko irasha ubwo nyene baca bararasa umushoferi yariko atunyonga, jewe n-uyundi umwe tuca turavamwo turayanyaga. Baciye badukurikiza amasase, uwo twari kumwe baamurasa mu mugongo ariko agira Imana ntiyapfa. Abandi basigaye mu muduga bayibatuririyemwo‟

Uwo yarokotse mw-ico gitero avuga kandi ko mu gihe  yariko yiruka ava mw-iyo Probox baturiye, yarabonye n-iyindi modoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa HIACE , yari imbere y-iyo kamyo nayone ngo bari bamaze kuyiturira. Abandanya amenyesha hari imodoka zashoboye gukata zirasubira inyuma bazikurikiza amasase.

Abajijwe ku bateye abaribo n-ico bari bagamije, avuga uku:

ˮAbaduteye bavuga ikirundi. ikindi nsinovuga igitigiri cabo ukwo bangana gusa boba barababa icumi kandi  bose bari bambaye impuzu za gisirikare hamwe n-inkoho nininini. Abo twarikumwe nasize bariko babingingira kubaha amahera kugira ntibabice ariko barayase bavuga ko atarico cabazanye‟

Ikindi kivurwa n-uwo yarokotse n-uko ngo ata kintu na kimwe cigeze kisahurwa n-uwo murwi w-abitwaje ibirwanisho.Bahejeje gukora ibara ngo boba bagiye berekeza inzira igana muri komine Ndava iri mu ntara ya Mwaro.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments