UBM News ads

Uwundi munyeshure w-umurundi yapfiriye mu gihugu c-uburusiya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nk-uko vyatangajwe n-ubuserukizi bw-uburundi mu gihugu c-uburusiya, umunyeshure yitwa Prosper Hitimana yahora yiga muri kaminuza yigisha amategeko y-I Orel yaritavye Imana ku muhingamo wo kuri uyu wa 10 Myandagaro 2021.May be an image of 1 person

Iryo tangazo ry-ubuserukizi bw-uburundi mu burusiya rimenyesha inkomoko y-urwo rupfu rw-uwo munyeshure itaramenyekana . Ariko bukabandanya bumenyesha ko amatohoza aza yatanguye gukorwa kugira hamenyekane icamwishe.

Tubamenyeshe ko Prosper Hitimana agize umunyeshure agira kane mu kiringo c-imyaka ibiri apfuye, batatu muribo bakaba bapfuye mu mwaka uheze. Naho atawoca avyemeza,  amakuru atangwa n-abarundi biga mw-ico gihugu avuga ko biboneka ko ari urwanko abanyeshure babanyafrika baguma bagirirwa n-abagenzi babo b-abarusiya bigana bitewe n-ukuntu bishika bakabasumvya amanota mw-ishure.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments