UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Uwundi munyeshure w-Umurundi agira gatanu yaraye apfiriye mu gihugu c-uburusiya.

UBM News ads

Umunyeshure w-umurundi azwi kw-izina rya Salathiel Ndayiziga , yari kwiga mu gihugu c-uburusiya mu gisata ca ˮMaîtrise‟  yaraye apfuye  ku buryo incuti , abaryango n-abagenzi biwe bavuga ko budasobanutse, kuko basiguriwe imvo imwe ijanye nuko yoba yasomye nturi igihe yariko yogera muri ˮ piscine‟.Image

Salathiel Ndayiziga akaba yavuka mu ntara ya Ruyigi muri komine Gisuru. Akaba agize umunyeshure w-umurundi  wa gatanu apfiriye mw-ico gihugu ku buryo budasobanutse mu kiringo  c-imyaka ibiri.  Uwaheruka kwitaba Imana yari uwitwa Hitimana Prosper vyavuzwe  nawene ko yapfuye asomye nturi igihe yariko aroga muri piscine. Bikaba vyabaye mu kwezi kwa Myandagaro uy-umwaka turimwo.

Kubera izo mpfu zidasobanutse ziguma zibasira abanyeshure b-abarundi biga mu Burusiya, ubuserukizi bw-ico gihugu i burundi bwaheruka gusohora icegeranyo cavuye muvyo bwatohoje ku bijanye n-izo mpfu, aho bwamenyesheje ko umwe  mw-abo banyeshure ariwe Prosper HITIMANA  yapfuye bitewe n-ugutwarwa igihe yariko aroga muri piscine , uyundi nawe Egide Nkengurutse  apfa bitewe n-ihagarara ry-umutima bita mu rurimi rw-igifaransa ˮcrise cardiaque ‟.  Kubijanye n-abandi banyeshure bapfuye bagandaguwe, ubwo buserukizi bwamenyesheje ko bukibandanya amatohoza.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments