Umunyeshure w-umurundi azwi kw-izina rya Salathiel Ndayiziga , yari kwiga mu gihugu c-uburusiya mu gisata ca ˮMaîtrise‟ yaraye apfuye ku buryo incuti , abaryango n-abagenzi biwe bavuga ko budasobanutse, kuko basiguriwe imvo imwe ijanye nuko yoba yasomye nturi igihe yariko yogera muri ˮ piscine‟.
Salathiel Ndayiziga akaba yavuka mu ntara ya Ruyigi muri komine Gisuru. Akaba agize umunyeshure w-umurundi wa gatanu apfiriye mw-ico gihugu ku buryo budasobanutse mu kiringo c-imyaka ibiri. Uwaheruka kwitaba Imana yari uwitwa Hitimana Prosper vyavuzwe nawene ko yapfuye asomye nturi igihe yariko aroga muri piscine. Bikaba vyabaye mu kwezi kwa Myandagaro uy-umwaka turimwo.
Kubera izo mpfu zidasobanutse ziguma zibasira abanyeshure b-abarundi biga mu Burusiya, ubuserukizi bw-ico gihugu i burundi bwaheruka gusohora icegeranyo cavuye muvyo bwatohoje ku bijanye n-izo mpfu, aho bwamenyesheje ko umwe mw-abo banyeshure ariwe Prosper HITIMANA yapfuye bitewe n-ugutwarwa igihe yariko aroga muri piscine , uyundi nawe Egide Nkengurutse apfa bitewe n-ihagarara ry-umutima bita mu rurimi rw-igifaransa ˮcrise cardiaque ‟. Kubijanye n-abandi banyeshure bapfuye bagandaguwe, ubwo buserukizi bwamenyesheje ko bukibandanya amatohoza.
Recent Comments