UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umuhungu wa Moammar Gadhafi agiye kwitoza mu matora y-umukuru w-igihugu yo muri Kigarama.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhungu wa Moammar Gadhafi yahoze ari umukuru w-igihugu ca Libiya ari mubazohiganirwa mu matora y-umukuru w-igihugu ategekanijwe igenekerezo rya 24  Kigarama uno mwaka.Saif Al-Islam, Son Of former Libyan Ruler Gaddafi, Runs For President

Saif al-Islam –Gadhafi  w-imyaka 49 muri videho  yacishijwe  ku mbuga ngurukanabumenyi , yabonetse ariko ashira  umukono  ku mpapuro zo kwitoza  ahakorera  umurwi utegura amatora mu gisagara cahitwa i Sebha kiri mu bumanuko bwa Libya.

Abandi bamaze kumenyekana  ko bazokwitoreza ikibanza c-umukuru w-igihugu wa Libiya , harimwo Khalifa Haftar  ari mu ntwazangabo nkuru z-igihugu , umushikiranganji wa mbere, Abdulhamid al-Dheibah  hamwe rero n-umuvugizi  w-inama nshingamateka  Aguila Saleh.

Abakwirikiranira hagufi ibihe vy-amatora vyimirije muri Libiya, baha amahirwe  Saif al-Islam Gadhafi ko ariwe ashobora gutsinda ayo matora kuko mw-abo bose bazohiganwa  ariwe azwi cane n-abanye Libiya.  Uwo muhungu w-umuhisi  Perezida Gadhafi amenyesha ko niyo yatorwa , mu vyihutirwa ko harimwo ugusubiza ibintu ku murongo muri ico gihugu , inyuma y-imyaka cumi  umuvyeyi wiwe agandaguwe bunyamaswa.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments