USA: Perezida Joe Biden yategetse ko haba iperereza ku mamuko ya Covid19 ihanze isi, ubushinwa n-ubu buguma bukekwa.

0

Nkuko tubikesha iradiyo y-ijwi rya Amerika, kuruwu wa gatatu, umukuru w-igihugu wa Leta  zunzubumwe za Amerika Joe Biden  yategetse ibigo vya Leta kwongereza inguvu mu gutororokanya no gusuzuma neza amakuru ashobora kubashikana ku mamuko y-umugera wa coronavirus, umugera umaze guhonya isinzi ry-abantu kw-isi aho abantu bashika imiriyoni 3 n-ibihumbi amajana ane 400 aribo bamaze gupfa kw-isi murabo abagera ku bihumbi 600 ni abo muri Leta Zunzubumwe  za Amerika.Joe Biden défend son bilan dans une première conférence de presse en 65  jours | Coronavirus | Radio-Canada.ca

Ivyo bishitse mu gihe hamaze imisi hiyongera urukurukuru ko Covid19 yoba yaturutse m-ububiko bwa Raboratware yo mu gihugu c-ubushinwa. Perezida Joe Biden yasavye  ibigo bijejwe amaperereza kuzomuha ivyo bazobabatohoje mu misi 90. Ni inyuma yaho kandi icegeranyo yaheruka guhabwa uy-umwaka avuga ko ata gifadika cerekanye.

Tubibutse ko Abategetsi ba Amerika bamaze amezi badakorana neza n-igihugu c-ubushinwa  ku kumenya neza aho umugera wa covid19 waje uturuka.

Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy-amagara y-abantu  kw-isi OMS ryoryo  n-ubu ritegura kugira irindi tohoza ku mamuko y-ico kiza ruhonyanganda kw-isi ariko iryo shirahamwe riranegurwa cane  ko ryanse kwemera ko uwo mugera wa covid19 watorotse uva mu kigo c-ubushakashatsi ca kaminuza ya Wuhan iri mu gihugu c-ubushinwa.