Perezida Emmanuel Macron yemeye uruhara rw-ubufaransa muri jenoside yabaye mu Rwanda agirako asaba imbabazi Abanyarwanda bose.

0

Mu rugendo yavyutse agira mu gihugu c-u Rwanda kuruwu wa kane , Perezida w-ubufaransa  Emmanuel yatangaje  imbere y-icibutso  kiri mu muji wa Kigali ca jenoside yakorewe abatutsi mu mwaka w-1994 ko yemeye uruhara rw-igihugu ciwe muri jenoside yakorewe abatutsi mu Rwanda  ndetse anagirako asaba imbabazi abanyarwanda bose.Macron au Rwanda: ″Je viens reconnaître nos responsabilités″ | Afrique | DW  | 27.05.2021

Perezida Macron  yavuzeko jenoside yakorewe abatutsi muri 1994 itari impanuka ko yari yarateguwe ndetse ananemera ko ubufaransa  bwakoze icaha gikomeye kukubona bwaratereranye ibihumbi vy-abantu bakicwa atakitabaza kandi aribwo bwari kubakingira.

Mw-ijambo ryiwe yavuze ati : ˮ Ndicishije bugufi kandi ndubashe ayo mateka n-abayazize nazanywe mw-iki gihugu no kwemera uruhara rwacu‟.  Perezida Macron yongeye aravuga irindi jambo rikomeye aho yemeje ubufaransa bwirabiye hirya igihe abatutsi bariko batabaza, bwongera bwiyica amatwi bariko baragandagurwa ndetse icababaje  bwabandanije buvyifatamwo nabi n-inyuma ya jenoside. Umukuru w-igihugu w-ubufaransa yongeye avuga ati : ˮ Abishe ntibari bafise y-ubufaransa ariko ubufaransa bubifitemwo uruhara, bufise amateka muvyabaye mu mwaka ntibagiranwa ku banyarwanda  w-1994‟

Mu kurangiza, umukuru w-igihugu c-ubufaransa yemeje  ko abakoze canke bakagira  uruhara muri jenoside ari ugukwirikiranwa m-ubutungane  ko ndetse ata numwe azobucika aho yoba ari hose.