UBM News ads

Urwanda nta nzira ruzosubira gutanga kubacancuro bazofatirwa I kongo-Olivier Nduhungirehe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho abacancuro ba Roumanie bafatiwe I Goma na M23 bagasubira iwabo baciye mu rwanda, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’urwanda Olivier Nduhungirehe avuga ko urwanda rutazosubira guha inzira abacancuro bazofatirwa muri kongo.

Nduhungirehe yemeza ko RDC yazanye abandi bacancuro bo muri colombia b’umurwi’blackwater” urongowe n’umunyamerika Erik Prince.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’urwanda Olivier Nduhungirehe avuga ko urwanda rutazosubira gusabwa ngo rwemere gutanga inzira ku bacancuro bazofatirwa muri kongo.

Ni mu gihe uwo mushikiranganji yemeza ko kongo ubu yazanye abandi bacancuro bo muri colombia bari mu murwi wa Blackwater urongowe n’umunyamerika Erik Prince.

Ibi akaba yabishikirije ku butumwe yacishije kurubuga x yishura icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji ajejwe umutekano muri RDC Jacquemain Shabani Lukoo Bihango aho uyu mushikiranganji yatanze ubutumwa kuri x bugira buti”blackwater”.

Nduhungirehe akemeza ko ivyabaye kubacancuro baturuka muri Roumanie vyari bikwiye kubaha icirwa.

Muri Nzero inyuma yaho umuhari m23 ufatiye umuji wa Goma,abacancuro bo muri Roumanie batsinzwe urugamba maze urwanda rusabwa kubaha inzira basubira iwabo banyuze I Kigali.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments