UBM News ads

Madagascar:prezida Andry Rajoelina akomboye leta yiwe yose kubera idashoboye gukemura ibibazo vy’amazi n’umuyagankuba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Icikagurika ry’umuyagankuba n’ikena ry’amazi vyatumye prezida wa Madagascar Andry Rajoelina akombora leta yiwe yose kuko bananiwe gukemura kino kibazo.

Bibaye inyuma y’imyiyerekano ikomeye yakozwe mu murwa mukuru Wa Madagascar ikozwe n’urwaruka GEN-Z hagapfa abashika 22.

Mu gihugu ca Madagascar,prezida Andry Rajoelina yaraye akomboye Leta yiwe yose kubera ibibazo vy’ikena vy’amazi n’umuyagankuba,maze iyo Leta ikananirwa kubikemura.

Prezida wa Madagascar akaba yabimenyesheje ku musi w’ejo abicishije kuri télévision nkuru y’ico gihugu kugira haboneke inyishu kuri ivyo bibazo.

Urwaruka rwo muri ico gihugu cane cane rwo muri kaminuza ya Ankatso biri kumwe n’urwaruka GEN-Z mu bisagara bitandukanye ku murwa mukuru wa Madagascar Antananarivo guhera kuwa kane aho ONU yatangaje ko abashika 22 bahasize ubuzima.

Naho rero Prezida Andry Rajoelina yasenyuye leta yirukanye leta yiwe,abakoze imyirekano basaba prezida nyabuna gutanga imihoho nawe nyene.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments